GUSOMA

Mu kwishura ico kibazo, abantu bashika ijana, bariko basangira akagwa n’impeke, harimwo abakibandwa mu kwambaza Imana, abakirisu hamwe n’abigisha mu makaminuza, bari bishikiye kuri uwu wa 29 Nyakanga 2022 ku cicaro gikuru c’umugambi KU.ZÎKO kiri mu gisagara ca Bujumbura.

Umutumire Ngurube Rugamba, n’ubu akibandwa mu gasumo ka Mwaro, akaba ari umuhanuzi wa buramatari

Ico kiyago catunganijwe n’ikigo c’iyandikiro ry’ibitabu Gusoma, kimwe mu mashirahamwe ahurikiye mu mugambi KU.ZÎKO ufise ihangiro ryo kunagura no guteza imbere imico n’imigenzo kama vy’Abarundi, nk’uko bishikirizwa na Jimmy Elvis Vyizigiro arongoye ico kigo.

Pasitori Acher Niyonizigiye ati « Gusubira kubandwa kwoba ari ugusubira inyuma cane« 
Pr Mberamihigo Ferdinand, wo kuri Kaminuza y’Uburundi

Umutumire muri ico kiyago Ngurube Rugamba, ari mu mugwi « Abaranga b’akaranga » n’ubu akibandwa mu gasumo ka Mwaro avuga ko kubandwa ari umuco w’abarundi: « Kera abarundi bambaza Imana mu kubandwa. Dufatiye aho, twovuga ko abarundi batabandwa ari abarundi bataye umuco-kama wabo, gutyo batora umuco w’abayahudi, w’abaromani n’abarabu aba ari wo bisunga mu kwambaza Imana. »

Umugirwa wo kubandwa ukaba wakuweho n’abazungu ku nguvu kuva mu mwaka wa 1930, igihe Uburundi bwari mu bukoroni bw’ababirigi. Bano bategeka abarundi gusengera mu masengero yabo bakoresha ivyanditswe muri Bibiriya bazanye, nk’uko bivugwa na Ngurube Rugamba.

Umwe wese n’ukwemera kwiwe

Ngurube asigura ko kubandwa ari umugirwa wo kwambaza Imana waba mu gihe hari intezi, ibiza, ingwara, n’ibindi bintu bibi bagomba kumarira (Imana ibibakuriraho). Habandwa abatiwe muri iryo banga. Kandi ivyo basaba Imana barabironka.

Basubira kubandwa bakenguruka ko ivyo basavye Imana yabibahaye. Uwabaja imbere muri uwo mugirwa wo kubandwa yari Kiranga. Ati « Abarundi batagengwa na Bibiriya ahubwo bagengwa n’imico n’imigenzo vy’abarundi. Kuko Bibiriya ni imico n’imigenzo vy’abayahudi, abaromani. Kubandwa rero mu Burundi vyohabwa intebe kuko ari umuco w’abarundi« 

Pasitori Acher Niyonizigiye, yari umutumire muri ico kiyago avuga ko gusubira kubandwa kwoba ari ugusubira inyuma cane: « Imana ababandwa bambaza n’Imana abakirisu basenga si imwe. Ababandwa bambaza Imana batazi. Imana y’ivyizerwa bitaboneka kandi bemera ko bibafiseko ububasha bwo kubagirira nabi. Ariko Imana abakirisu basenga ni Imana yihishuye. Imana ishaka kugira abantu abagenzi. »

Abona ko abarundi batosubira kubandwa, nyabuna bokwegera Imana yihishuye. Ariko kandi, kubera uwo mupasitori yanyuzwe n’ubwigenge mu bijanye no gusenga, avuga ko umuntu yosenga uko ashaka mu gihe abona mu vyo asaba yishurwa.

Abenshi mu bari bitabiriye ico kiyago batanga ivyiyumviro bashigikira ku kugaruka ku muco wo kubandwa, « kuko biha agaciro amamuko y’uko Umurundi atahura amahanga, ni ikuvuga isano riri hagati y’ibiboneka n’ibitaboneka« .

Mubashikirije aho bahagaze bagwanya ivyo gusubira kubandwa, twovuga nk’abagize bati « kubandwa bigarukana ingeso mbi, no kwemera ibintazi« .

Kiranga yabaho mu gihe co kubandwa gusa

Ngurube Rugamba w’imyaka 56 akibandwa mu gasumo ka Mwaro, avuga ko Kiranga yari umuntu yatiwe mw’ibanga ry’ababandwa.

Uwatiwe muri iryo banga yaraba igishegu hanyuma akaba igihweba (abagendanira Kiranga mu bihe vyo kubandwa). Mu bihweba ni ho hatorwa Kiranga. Ngurube ati: « Mu gihe baba bariko bitegurira umugirwa wo kubandwa bambaza Imana ngo ibakurireho intezi canke bakenguruka ku neza yabakoreye, ibihweba vyaratora umwe muri bo abarongora muri uwo mugirwa wo kubandwa. Baraba uwufise umutima mwiza akaba ari we aca aba Kiranga muri uwo mwanya. »
Yongera ati: « Kiranga yashobora kuba umugore atakija mu butinyanka, yaciye imvyaro.« 

Mberamihigo Ferdinand umutohozandimi akaba n’umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’amayagwa nyafirika avuga ko Kiranga yabaho mu mugirwa wo kubandwa gusa.

Kubandwa biheze nta Kiranga yabaho: « Ntimwohuye mu mugitondo ngo umuramutse uti yambu kiranga. Oya. Kiranga twomugereranya muri ibi bihe nka bapatiri canke bapasitori. Baba ari benshi. Mu gihe c’umugirwa wo guhereza inkuka ya misa canke co gusengesha baba bahindutse, ari abantu badasanzwe kubera ukuntu wemera uwo mugirwa barimwo. Ariko bahejeje batashe muhira bacika abantu basanzwe. Na ba Kiranga ni nk’uko. Baronka iryo zina rya Kiranga mu mugirwa wo kubandwa kandi si umwe barahindagurika bivanye n’uwo bashize imbere muri uwo mwanya« 

Mwomenya ko ico kiyago ari ica mbere giteguwe n’ikigo c’iyandikiro ry’ibitabu Gusoma, kandi bizobandanya mu ntumbero yo kuza barahuza abantu bayaga ku bijanye na kahise, ivyaranze ba sokuru bongera baraba ukuntu bobibanisha n’ivy’ubu nk’uko bishikirizwa na Jimmy Elvis Vyizigiro.

2 Comments

Comments are closed.

REGISTER

Your personal data will be used to support your experience throughout this website, to manage access to your account, and for other purposes described in our privacy policy.