Ikigo c’iyandikiro ry’ibitabu Gusoma caratunganije kuri uyu wa 27/10/2022, ku ncuro ya kabiri, ikiganiro ku bijanye no kubandwa mu Burundi. Ubu hakaba hari hatumiwe umukenyezi yigana ingene abibayemwo.
Makurata Ndayisenga w’i Mwaro muri komine Gisozi ku mutumba Kibimba ati: « Ninjiye mu mugirwa wo kubandwa nkiri umwana. Banjanyeyo naragwaye baramvuye kwa muganga vyaranse ko nkira. Ariko ngiye kubandwa naciye nkira. Mbere n’umuntu avyaye umwana agateba gutambuka barabandwa, inyuma y’imisi mike akaba atambuka. Jewe ndi umukirisu w’umwangirikani ariko ndanabandwa. Nta kintu Kiranga yanyimye kandi nta n’ico Imana yanyimye. Mfise abana umunani. Nguma mbandwa. »
Misago Jean Paul nawe nyene w’i Mwaro ati : »Kiranga ni Umwami w’Iburundi. Akorana n’abantu b’ibanga, bitonda babandwa batabangikanije. Ivyo nsaba ndabironka ubu mfise abana 6. Kubandwa ni vyiza. Ahubwo Abarundi dusubire kubandwa »
« Kubandwa si uguhamagara imizimu »
Uti none kubandwa ni iki? Mberamihigo Ferdinand umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’imico n’imigenzo nyafirika ati: « Ni abantu bakoranira hamwe mu mugwi barikumwe na Kiranga mu ntumbero yo gusaba, gushima canke gutsirika ibintu bimwebimwe bishobora kubangamira ubuzima bw’abantu mu kibano.«
Ikindi naco, ni uko abantu badakwiye kwitiranya umugirwa wo kubandwa no guterekera: « Kubandwa ni ukwambaza Imana biciye kuri Kiranga. » Basaba bashima canke batsirika ibibi. Ariko kwegera canke kuvugana n’imizimu biba mu mugirwa wo guterekera uwapfuye. Uwo mugirwa nawo ubera mu muryango.
Umwigisha Mberamihigo ati: « Guterekera bigirwa n’abagize imiryango kugira bibuke umuvyeyi wabo yapfuye. Barenga inzoga bagategura n’inrya bakaja ku mva yiwe bagatereka bakanywa bakarya, ibisigaye bakabimena ku mva yiwe, nk’uko umenga baramuhaye. Baraba ivyo yakunda cane akaba ari vyo bamuha. Kuko bibaza ko abibuze yoshavura akabatera, gutyo akabagirira nabi.«
Imana yari mu buzima bwa minsi yose
Abarundi rero ngo baremera ko Imana uyisavye yumva. Kukaba nkako, bavuga ngo Imana ni Indavyi. Imana ni iya bose. Biranabonekera mu mazina abasokuru bita abana babo nka ba Nsabiyumva. Mu kuyisaba rero iyo Mana, baca kuri Kiranga. Kuko vyari mu mico n’imigenzo y’ikirundi. Nk’uko bivugwa na Ferdinand Mberamihigo: « Kubandwa harimwo amasaba Mana, ubucuti abantu bagiriranira, kumenya imvo n’imvano ya kahise k’Uburundi…«
Mbere hari imvugo zishimikiye ku kubandwa zerekana ko uwo mugirwa wari uwudatosekaza imico: « Ukubandwa ni uguheba ». Bisigura ko uwubandwa ategerezwa kugira ivyo ahevye nko kuronka (kwiba inka) canke kuroga. Uwabandwa ntiyiba, ntiyasambana, ntiyaroga, ntiyatunga ibiheko. Eka ntiyaja mu bikorwa bibi, nk’uko bisigurwa na Mberamihigo Ferdinand.
Kino kiyago categuwe n’ikigo c’iyandikiro ry’ibitabu Éditions Gusoma kirongowe na Jimmy Elvis Vyizigiro gifashwe mu mugongo n’umugambi Ku.Ziko ushigikiwe n’igihugu c’Ubusuwisi, kikaba cabereye mu gisagara ca Bujumbura kuri uwu wa 27 Gitugutu 2022.
1 Comment
Comments are closed.
Bihome
Ni mugire Imana mukomere ku muheto mwigishe benshi igihe kizogera bagaruke ku muzi