Ico gitabu canditswe na Inès Mbesherubusa cashizwe ahabona imbere y’abana n’abavyeyi bari bitabiriye ibirori vyabereye mu kigo « Fun Park » kur’uyu wa 18 Ruhuhuma 2023, mu gisagara ca Bujumbura.
Umwanditsi wico gitabu, « Bineta » mu kazina k’ubuhizi, ni umuvyeyi w’abana batatu: « Mu vyatumvye nandika iki gitabu, ni ukubura aho noshobora gukura ibisomwa vy’abana banje, boshobora gusoma bakanahigira ibijanye n’Uburundi, atari ibitabu bikoreshwa mu masomero« .
Ari naco gituma no muri « Kajumbu na Kumbati », Inès Mbesherubusa yashizemwo « ivyo umuvyeyi aba yarabayemwo akicaruka, imbere yo kwubaka akaronka abana, kugira ntibibagire ko navyo bihari« . Niko rero gukoresha ibiterwa mbubarugo bizwi cane mu Burundi, ikijumbu n’umwumbati, mu kubara inkuru ziri muri nya gitabu zigenda zirerekana intambwe zitandukanye uùuntu acamwo ariko arakura, gushika atere imbere.
Mur’ico gitabo canditswe mu rurimi rw’igifarasa, Inès Mbesherubusa yarakoresheje cane imyibutsa y’ikirundi: « Nashatse ko umwana agisomye agashikira iyo myibutsa, yoca agira inyota yo kumenya Ico isigura abifashijwemwo n’abavyeyi. »
Abavyeyi bari bitabiriye ivyo birori bakaba barakengurutse cane umugambi wa Inès, bagasaba ahubwo ko ibitabo nka mwen’ivyo vyogwizwa.
Mwomenya ko ico gitabo kiriko kiragurishwa ku mafaranga 25.000FBu aha hakurikira:
📌 Librairie « Savoir Plus, Faire Plus » (Avenue JRR n°3, à côté de GIZ)
📌 Aho bita « Agaharawe » hagati mu gisagara ca Bujumbura
📌 Mu Kabondo aho bita « Berakha Garden »
📌 Hamwe no ku rubuga rwa Amazon (version Kindle)